Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukorera Yehova

Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukorera Yehova

Abavyeyi b’abakirisu baripfuza kubona abana babo bakorera Yehova badahemuka. Barashobora kubafasha kubishikako mu kwinjiza mu mitima yabo inyigisho zo muri Bibiliya kuva bakiri bato cane. (Gus 6:7; Img 22:6) None ivyo vyoba bisaba ko bagira ivyo bahevye? Cane nyene! Ariko ivyiza bivamwo ni vyinshi.​—3Yh 4.

Abavyeyi barashobora kwigira vyinshi kuri Yozefu na Mariya. “Bari bamenyereye kuja i Yeruzalemu ku mwaka ku mwaka ku bw’umusi mukuru wa pasika,” naho vyabasaba akigoro gakomeye be n’uburyo. (Lk 2:41) Biboneka ko bashira imbere ivyo umuryango wabo wari ukeneye mu vy’impwemu. No muri iki gihe, abavyeyi barashobora kwerekeza abana babo mu nzira ibereye mu kutagisha akaryo na kamwe ko kubigisha, haba mu mvugo canke mu ngiro.​—Zb 127:3-5.

RABA IVIDEWO IVUGA NGO NTIBAGISHIJE AKARYO NA KAMWE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Jon na Sharon bashize imbere gute ivyungura Ubwami naho bari bafise umuryango?

  • Kubera iki abavyeyi bakwiye gutoza indero umwana wese bivanye n’ivyo akeneye?

  • Abavyeyi bofasha gute abana babo kunanira ibigerageza ukwizera kwabo?

  • Ni ibikoresho ibihe bitangwa n’ishirahamwe rya Yehova wakoresheje mu gufasha abana bawe gukomera mu kwizera?

Nimushire imbere ivy’impwemu mu muryango wanyu