Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nukurikire neza intambuko za Kristu

Nukurikire neza intambuko za Kristu

Yezu yaradusigiye akarorero twokwigana, canecane igihe turi mu bigeragezo canke mu ruhamo. (1Pt 2:21-23) N’igihe yaba ariko aratukwa canke mbere akababazwa, ntiyigera yihora. (Mr 15:29-32) Ni ibiki none vyamufashije kwihangana? Yari yariyemeje gukora ivyo Yehova agomba. (Yoh 6:38) Vyongeye, yagumiza umutima ku “kanyamuneza yashizwe imbere.”​—Heb 12:2.

Tuvyifatamwo gute igihe dufashwe nabi kubera ukwizera kwacu? Abakirisu b’ukuri ‘ntibishura ikibi ku kindi.’ (Rm 12:14, 17) Igihe twihanganiye imibabaro nka kumwe kwa Kristu, turanezerwa kuko ivyo bihimbara Imana.​—Mt 5:10-12; 1Pt 4:12-14.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO IZINA RYA YEHOVA RIRAHAMBAYE CANE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Gertrud yakoresheje neza gute umwanya igihe yari mu gasho ka wenyene?

  • Ni ibintu ibihe Gertrud n’umugabo wiwe bihanganiye igihe bari mu makambi y’itunatuniro atandukanye?

  • Ni ibiki vyabafashije kwihangana?

Igihe uri mu mibabaro, nukurikire neza intambuko za Kristu