Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Hitamwo neza uburyo bwo kwisamaza

Hitamwo neza uburyo bwo kwisamaza

Kubera iki dukwiye guhitamwo neza ingene twisamaza? Kubera ko igihe duhisemwo isinema turaba, umuziki twumviriza, urubuga ngurukanabumenyi tujako, igitabu dusoma, canke agakino dukina k’ubuhinga bwa none, tuba duhisemwo ivyo tugaburira umuzirikanyi wacu. Ivyo duhitamwo biragira ingaruka ku nyifato yacu. Ikibabaje, ni uko uburyo bwo kwisamaza bwinshi muri iki gihe burimwo ibintu Yehova yanka. (Zb 11:5; Gl 5:19-21) Ni co gituma Bibiliya iduhimiriza kubandanya twiyumvira ibintu bitera iteka Yehova.​—Fp 4:8.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NI UKWISAMAZA NYABAKI NKWIYE GUHITAMWO? MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni mu buryo ki inkino z’ukurwana mu Buroma bwa kera zifitaniye isano n’ukwisamaza kwo muri iki gihe?

  • Abagize ishengero bofasha gute abakiri bato guhitamwo neza uburyo bwo kwisamaza?

  • Ibivugwa mu Baroma 12:9 vyodufasha gute guhitamwo neza uburyo twisamaza?

  • Ni uburyo bwiza ubuhe bwo kwisamaza buboneka aho iwanyu?