22-28 Ruheshi
KUVAYO 1-3
Ururirimbo rwa 7 n’isengesho
Amajambo y’intangamarara (Umun. 1)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Nzocika ico nzocika”: (Imin. 10)
[Erekana ividewo ivuga ngo Incamake y’igitabu ca Kuvayo.]
Kv 3:13—Musa yashaka kumenya vyinshi ku vyerekeye iyo Mana yitwa Yehova (w13 15/3 25 ing. 4)
Kv 3:14—Yehova aracika igikenewe cose kugira ashitse umugambi wiwe (kr 43, uruzitiro)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 10)
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Kv 2:11-25 (th icigwa ca 11)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: (Imin. 3 canke idashika) Hera ku gace kajanye na mugihura. Nutsinde amajambo ahagarika ikiyago akunda kuvugwa aho iwanyu. (th icigwa ca 16)
Usubiyeyo: (Imin. 4 canke idashika) Hera ku gace kajanye na usubiyeyo. Nuce umuha ikinyamakuru ca vuba kivuga ibijanye n’ikibazo yabajije. (th icigwa ca 12)
Insiguro: (Imin. 5 canke idashika) w02 15/6 11 ing. 1-4—Umutwe: Ikintu kiruta amatunga yo mu Misiri. (th icigwa ca 13)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nube umugenzi wa Yehova—Izina rya Yehova: (Imin. 6) Guhana ijambo. Erekana iyo videwo. Nimba bishoboka, nuce usaba abana wateguye imbere y’igihe baze ku mukiruruko, ubabaze uti: Izina Yehova risobanura iki? Ni ibiki Yehova yaremye? Yehova ashobora kugufasha gute?
Ingene izina ry’Imana ryaninahajwe muri Skandinaviya: (Imin. 9) Guhana ijambo. Erekana iyo videwo. Nuce ubaza abumviriza uti: Kubera iki izina ry’Imana ryari rizwi na bake imbere y’umwaka wa 1500? Izina Yehova ryatanguye gukoreshwa gute muri Skandinaviya? Kubera iki ukunda cane Bibiliya y’isi nshasha?
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 120
Amajambo yo gusozera (Imin. 3 canke idashika)
Ururirimbo rwa 104 n’isengesho