UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ingene twokoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago
Kuva muri Nzero 2018, turasanga uburyo bwo gutanguza ibiyago ku rupapuro rwa mbere rw’Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. None twobukoresha gute?
Igihe ufise ikiganiro: Ukwiye gukoresha ikibazo catanzwe, icanditswe, be n’ikibazo muzoyagako ubukurikira. Ariko ivyo ntibisobanura ko utegerezwa gukoresha arya majambo nyene yo mw’ividewo. Woshobora gufatira ku kiringo gitandukanye n’ico muri videwo, gukoresha iyindi ntangamarara canke ubundi buryo bwo kuzirikana, n’ibindi. Vyongeye, urashobora gushikiriza kimwe mu bitabu dukoresha mu kwigisha, n’igihe nyene bitoba vyavuzwe mu buyobozi bujanye n’ico kiganiro.
Igihe uri mu ndimiro: Uburyo bwo gutanguza ibiyago budufasha kuronka ivyiyumviro twokwisunga. Igihe umuntu agaragaje ko ashimishwa kandi ko yipfuza kumenya n’ibindi, urashobora kubandanya ikiyago kumbure ukoresheje ibivugwa muri usubiyeyo. Woshobora gukoresha burya buryo bwo gutanguza ibiyago mu majambo yawe canke ugakoresha ubutandukanye na bwo. Hoba hari icanditswe canke ikiganiro co mu kwezi guheruka vyashimishije benshi mu cibare iwanyu? Hoba hari ikintu giherutse kuba mu karere iwanyu canke cavuzwe mu makuru kivugangwa cane? Naho ushobora gukoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago uko ushaka, intumbero yawe ikwiye kuba ari iyo ‘gukora vyose ku bw’inkuru nziza, kugira uyisangire n’abandi.’—1Kr 9:22, 23.