Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ubuzima bwiza kuruta ubundi bwose

Ubuzima bwiza kuruta ubundi bwose

Abakiri bato barafise uturyo twinshi two gukorera Yehova mw’ishirahamwe ryiwe. Raba ividewo ivuga ngo Ubuzima bwiza kuruta ubundi bwose wibonere ingene Cameron yakoresheje neza ubuto bwiwe. Nuce wishura ibibazo biri aha hepfo. (Ja kuri jw.org, urabe ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > IMIYABAGA.)

  • Ni igiki Cameron yamye aha agaciro cane mu buzima bwiwe?

  • Ni ryari yafashe ingingo yo kwagura umurimo wiwe kandi yabigize gute?

  • Yiteguriye gute kuja gukorera ahakenewe cane abamamaji mu kindi gihugu?

  • Ni ingorane izihe Cameron yahuye na zo igihe yariko akorera mu gihugu ca kure?

  • Kubera iki bishobora kuba ngirakamaro dukoreye Yehova turi ahantu tutari bwigere dukorera?

  • Ni imihezagiro iyihe Cameron yironkeye?

  • Kubera iki gukorera Yehova bituma umuntu agira ubuzima bwiza kuruta ubundi bwose?

  • Ni utundi turyo utuhe two gukorera Yehova abakiri bato bafise mw’ishirahamwe ryiwe?