Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ESITERI 1-5

Esiteri yaraburaniye abasavyi b’Imana

Esiteri yaraburaniye abasavyi b’Imana

Esiteri yaragaragaje ukwizera n’umutima rugabo bidasanzwe igihe yaburanira abasavyi b’Imana

  • Umuntu arengutse imbere y’umwami atahamagawe yarashobora kwicwa. Esiteri yari amaze imisi 30 atarahamagarwa n’umwami

  • Umwami Ahasuwerusi, uwo vyiyumvirwa ko yari Zeruzi wa mbere, yarakaza cane ishavu. Igihe kimwe yategetse ko umugabo umwe bamucamwo kubiri kugira ngo bibere abandi icigwa. Yarirukanye kandi umwamikazi Vashiti kubera ko yanse kumugamburukira

  • Esiteri yategerezwa guhishurira umwami ko ari Umuyudakazi akongera akamujijura ko umujanama wiwe pfampfe yamuhenze