Mushiki wacu akiri muto ariko avugira imbere y’abanyeshure ivyo yateguye

AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Ruhuhuma 2017

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago dukoresheje ikinyamakuru Be maso! be n’agatabu Inkuru nziza iva ku Mana. Ufatiye ku vyiyumviro vyatanzwe niwitegurire uburyo bwawe.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Kugamburukira Yehova bituzanira imihezagiro

Yehova Imana aratwereka ingene dukwiye kubaho kubera adukunda.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Kristu yababajwe ku bwacu

Urupfu rwa Yezu rwarishuye ikibazo Shetani yavyuye kijanye n’ukudahemuka kw’abasavyi b’Imana.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nufashe abana bawe barushirize kwizera Umuremyi

Abana bawe bemera ko ubuzima bwabayeho gute? Wobafasha gute ngo barushirize kwemera ko Yehova Imana ari Umuremyi?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Gutangaza umwaka w’ubutoni wa Yehova”

Umwaka w’ubutoni wa Yehova woba ari umwaka w’amezi 12? Uwo mwaka uhuye gute n’igikorwa co kwamamaza Ubwami?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Dukoreshe neza ibitabu vyacu

Bisaba akigoro gakomeye be n’uburyo butari buke kugira ibitabu vyacu bicapurwe vyongere birungikwe hirya no hino kw’isi. Nukoreshe ugutahura igihe ubitanga.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Amajuru mashasha n’isi nshasha bizozana umunezero mwinshi

Umuhango Imana yatanze w’“amajuru mashasha n’isi nshasha” uzotumarira iki?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Munezerwe mu cizigiro

Icizigiro ni nk’inanga y’ubwato. Kuzirikana ku mihango yo mw’Ijambo ry’Imana bituma vyoroha ko tuguma turi intahemuka kandi dufise umunezero igihe dushikiwe n’ibigeragezo bimeze nk’ibihuhusi.