Ingene twotanguza ibiyago
BE MASO!
Ikibazo: Igitigiri c’imiyabaga irwara akabonge gitera congerekana bimwe biteye ubwoba. Wibaza ko iyo ngorane yotorerwa umuti gute?
Ivyo wovuga: Iki kinyamakuru kirerekana ivyo imiyabaga irwaye akabonge yokora, be n’ivyo abavyeyi babo bokora kugira babafashe.
NIWIGISHE UKURI
Ikibazo: Ni ibiki vyotuma umubano urangwa agahimbare?
Icanditswe: Ef 5:33
Iciyumviro: Urugo rurarama igihe rushingiye ku rukundo n’ukwubahana.
INKURU NZIZA IVA KU MANA
Ikibazo: Hari benshi babona ko ivyo Bibiliya yari yaravuze ko vyobaye, bisa n’ivyo twama twumva mu makuru. Muri ibi bintu vyari vyaravuzwe, ni ibihe umaze kubona canke kwumva?
Icanditswe: 2Tm 3:1-5
Ivyo wovuga: Aka gatabu karasigura igituma ivyo bintu ari inkuru nziza ku bakunda Imana. [Nufatire ku cigwa ca 1, ikibazo ca 2.]
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.