UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nufashe abana bawe barushirize kwizera Umuremyi
Ivyaremwe bitangaza ubuninahazwa bwa Yehova. (Zb 19:1-4; 139:14) Ariko isi ya Shetani yoyo ikwiragiza inyigisho zisiga iceyi Imana ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima. (Rm 1:18-25) None wokora iki kugira ukingire abana bawe ntibandukirwe n’izo nyigisho? Nubafashe kuva bakiri bato kugira barushirize kwizera ko Yehova abaho kandi ko abitaho. (2Kr 10:4, 5; Ef 6:16) Numenye ivyo biyumvira ku bijanye n’ivyo babigisha kw’ishure, maze ukoreshe ibikoresho bitandukanye dufise kugira ubakore ku mutima.
NIMURABE AKAVIDEWO KAVUGA NGO IVYO URUNGANWE RWAWE RUVUGA
Abantu bakunze kuvuga iki ku bijanye no kwemera Imana?
Kw’ishure iwanyu babigisha ibiki?
Ni ibiki bikujijura ko Yehova abaho?
Wofasha gute umuntu gutahura ko Imana ari yo yaremye vyose?