Amajuru mashasha n’isi nshasha bizozana umunezero mwinshi
Umuhango Yehova yatanze wo gusubiza ibintu mu buryo dusanga muri Yesaya 65 uzoranguka ata gukeka, ku buryo Yehova awuvuga nk’aho uriko uraranguka.
Yehova arema amajuru mashasha n’isi nshasha, ivya kera ntibisubira kwibukwa
Amajuru mashasha ni iki?
-
Ni intwaro nshasha izotuma kw’isi harangwa ubugororotsi
-
Iyo ntwaro yashinzwe mu 1914 igihe Kristu yimikwa akaba Umwami w’Ubwami bw’Imana
Isi nshasha ni iki?
-
Ni ikibano c’abantu bo mu bihugu vyose, indimi zose n’amoko yose bashigikira babikunze ubutegetsi bw’iyo ntwaro nshasha yo mw’ijuru
Ivya kera ni gute bitazosubira kwibukwa?
-
Imibabaro yo ku mubiri, mu bwenge no mu mutima, iyituma twibuka ibintu bibabaje, ntizokwongera kubaho
-
Abantu b’abizigirwa bazohimbarirwa ubuzima bimwe bishitse, kandi bazoryoherwa no kwibuka ibintu biteye umunezero bazogenda baribonera ku musi ku musi