Bariko barigisha ukuri muri Kamboje

AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Ruhuhuma 2018

Ingene twotanguza ibiyago

Ibiyago bishingiye kuri ibi bibazo: Bibiliya yoba igihuje n’igihe tugezemwo? Bibiliya yoba ihuza na siyansi? Impanuro Bibiliya itanga zoba ari ngirakamaro?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Ikigereranyo c’ingano n’icatsi kibi

Yezu yashaka kuvuga iki muri ico kigereranyo? Ni nde agereranya umubivyi, umwansi be n’abashwabuzi?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ibigereranyo vyerekeye Ubwami n’ico bitwigisha

Yezu yakoresha ibigereranyo bisanzwe kugira ngo yigishe ivyigwa vyimbitse vyo mu vy’impwemu. Ni ibindi vyigwa ibihe dukura muri Matayo ikigabane ca 13?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Kugaburira benshi biciye kuri bake

Naho abigishwa ba Yezu bari bafise imikate itanu n’udufi tubiri gusa, Yezu yababwiye kugaburira isinzi ry’abantu. Vyagenze gute? Bitwigisha iki?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

“Tera iteka so na nyoko”

Yezu yarashimitse kw’itegeko rigira riti: “Tera iteka so na nyoko.” Iryo tegeko ryoba rita igihe?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Wiyumvira ivyiyumviro vya nde?

Twokora iki kugira ngo tuyoborwe n’ivyiyumviro vy’Imana? Yezu yarerekanye ibintu bitatu vyodufasha kwirinda ivyiyumviro bitari vyo.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Gukoresha neza ibibazo

Yezu yarabajije ibibazo kugira yigishe abamwumviriza ivyigwa bitandukanye. Twokwigana gute ubuhanga bwiwe bwo kwigisha mu ndimiro?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Uragaba ku vyogutsitaza n’ivyotuma utsitaza abandi

Yezu yarakoresheje ibigereranyo kugira atwigishe ko gutsitara no gutsitaza abandi atari ikintu co gufata minenerwe. Mu buzima bwawe, ni igiki coshobora kukubera igitsitaza?