Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 14-15

Kugaburira benshi biciye kuri bake

Kugaburira benshi biciye kuri bake

Imbere gato ya Pasika yo mu 32, Yezu yarakoze igitangaro, akaba ari co conyene canditswe n’abanditsi b’Injili bose uko ari bane.

Biciye kuri ico gitangaro, Yezu yarashizeho icitegererezo akibandanya gukurikiza no muri iki gihe.

14:16-21

  • Naho abigishwa ba Yezu bari bafise imikate itanu n’udufi tubiri gusa, Yezu yababwiye kugaburira isinzi ry’abantu

  • Yezu yaratoye imikate n’ifi, amaze gusenga aca abihereza abigishwa biwe kugira na bo babigaburire iryo sinzi

  • Igitangaje, bose barariye barahaga mbere birasigara. Yezu yaragaburiye abantu ibihumbi biciye kuri bake, ni ukuvuga abigishwa biwe

  • Yezu yavuze ko mu misi ya nyuma yoshizeho umuhora wotanze ibifungurwa vyo mu vy’impwemu “ku gihe kibereye.”​—Mt 24:45

  • Mu 1919, Yezu yaragenye “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” ni ukuvuga umugwi mutoyi w’abavukanyi barobanuwe, ngo bitwararike “abakozi biwe bo nzu,” ni ukuvuga abagaburirwa

  • Biciye kuri uwo mugwi mutoyi w’abavukanyi barobanuwe, Yezu ariko arakurikiza icitegererezo yashizeho mu kinjana ca mbere

Nokwerekana gute ko nzi neza umuhora Yezu ariko arakoresha mu kugaburira abantu mu buryo bw’impwemu be n’uko ndawubaha?