Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

“Tera iteka so na nyoko”

“Tera iteka so na nyoko”

Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarashimitse kw’itegeko rigira riti: “Tera iteka so na nyoko.” (Kv 20:12; Mt 15:4) Nta gukeka ko Yezu yari afise umwidegemvyo wo kubivuga kuko mu buto bwiwe ‘yaguma ayobokera’ abavyeyi biwe. (Lk 2:51) Amaze gukura, yaritwararitse ivy’uko niyamara gupfa, hagira uwusigara aritwararika nyina wiwe.​—Yoh 19:26, 27.

No muri iki gihe, abakiri bato bagamburukira abavyeyi babo kandi bakabavugisha n’urupfasoni, baba berekanye ko babatera iteka. Tuvugishije ukuri, itegeko ryo kwubaha abavyeyi bacu ntiryigera rita igihe. N’igihe baba bamaze gusaza, dutegerezwa kuguma tubatera iteka mu kwumviriza impanuro baduha. (Img 23:22) Turatera iteka kandi abavyeyi bacu bageze mu zabukuru mu kwitwararika inyiyumvo zabo kandi tukabafasha mu vy’ubutunzi igihe bikenewe. (1Tm 5:8) Twaba dukuze canke tukiri bato, kuguma tuyaga n’abavyeyi bacu ni ikintu gihambaye cerekana ko tubatera iteka.

RABA AKAVIDEWO KAVUGA NGO NOYAGISHA GUTE ABAVYEYI BANJE? MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Kubera iki vyoshobora kukugora kuyaga n’abavyeyi bawe?

  • Wokwerekana gute ko ubatera iteka igihe ubayagisha?

  • Kubera iki bihambaye ko uyaga n’abavyeyi bawe? (Img 15:22)

    Kuyaga n’abavyeyi bawe birashobora gutuma uroranirwa mu buzima