UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Gukoresha neza ibibazo
IGITUMA BIHAMBAYE: Nimba ivyiyumviro vyo mu mutima w’umuntu bimeze nk’amazi ari kure epfo, ibibazo dukoresha rero bimeze nk’indobo yo kubivoma. (Img 20:5) Ibibazo biratuma abatwumviriza bagira uruhara mu kiyago. Inyishu z’ibibazo vyacaguwe neza akenshi ziraturonsa amakuru ngirakamaro. Yezu yarakoresha neza ibibazo. Twomwigana gute?
UKO TWOBIGIRA:
-
Nubaze ibibazo bituma umuntu aserura iryo agona. Yezu yarabajije ibibazo abigishwa biwe kugira amenye iryo bagona. (Mt 16:13-16; be 238 ing. 3-5) Ni nk’ibibazo ibihe wobaza umuntu kugira aserure iryo agona?
-
Nubaze ibibazo bishikana umuntu ku nyishu. Kugira Yezu akosore ivyiyumviro vya Petero, yaramubajije ibibazo amuha n’inyishu zishoboka zatumye ashika ku ciyumviro c’ukuri. (Mt 17:24-26) Ni ibibazo ibihe wobaza kugira ufashe umuntu gushika ku nyishu y’ukuri?
-
Nushimire uwo muriko muraganira. Igihe kimwe, Yezu yarashimiye umwanditsi umwe “yishuranye ubwenge.” (Mr 12:34) Woshimira gute umuntu yishuye neza ikibazo umubajije?
RABA IGICE CA MBERE C’AKAVIDEWO KAVUGA NGO NUKORE IGIKORWA YEZU YAKOZE: KWIGISHA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
-
Ni kubera iki twovuga ko atariko yigisha neza naho ivyo ariko arigisha ari ukuri?
-
Ni kubera iki dukwiye gukora n’ibindi uretse gusa gusigura amakuru?
RABA IGICE CA KABIRI C’AKO KAVIDEWO, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
-
Ni mu buryo ubuhe uwo muvukanyi yakoresheje neza ibibazo?
-
Turavye ingene yigisha, hari ibindi twomwigirako?