Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Gukoresha neza ibibazo

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Gukoresha neza ibibazo

IGITUMA BIHAMBAYE: Nimba ivyiyumviro vyo mu mutima w’umuntu bimeze nk’amazi ari kure epfo, ibibazo dukoresha rero bimeze nk’indobo yo kubivoma. (Img 20:5) Ibibazo biratuma abatwumviriza bagira uruhara mu kiyago. Inyishu z’ibibazo vyacaguwe neza akenshi ziraturonsa amakuru ngirakamaro. Yezu yarakoresha neza ibibazo. Twomwigana gute?

UKO TWOBIGIRA:

  • Nubaze ibibazo bituma umuntu aserura iryo agona. Yezu yarabajije ibibazo abigishwa biwe kugira amenye iryo bagona. (Mt 16:13-16; be 238 ing. 3-5) Ni nk’ibibazo ibihe wobaza umuntu kugira aserure iryo agona?

  • Nubaze ibibazo bishikana umuntu ku nyishu. Kugira Yezu akosore ivyiyumviro vya Petero, yaramubajije ibibazo amuha n’inyishu zishoboka zatumye ashika ku ciyumviro c’ukuri. (Mt 17:24-26) Ni ibibazo ibihe wobaza kugira ufashe umuntu gushika ku nyishu y’ukuri?

  • Nushimire uwo muriko muraganira. Igihe kimwe, Yezu yarashimiye umwanditsi umwe “yishuranye ubwenge.” (Mr 12:34) Woshimira gute umuntu yishuye neza ikibazo umubajije?

RABA IGICE CA MBERE C’AKAVIDEWO KAVUGA NGO NUKORE IGIKORWA YEZU YAKOZE: KWIGISHA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni kubera iki twovuga ko atariko yigisha neza naho ivyo ariko arigisha ari ukuri?

  • Ni kubera iki dukwiye gukora n’ibindi uretse gusa gusigura amakuru?

RABA IGICE CA KABIRI C’AKO KAVIDEWO, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni mu buryo ubuhe uwo muvukanyi yakoresheje neza ibibazo?

  • Turavye ingene yigisha, hari ibindi twomwigirako?

Ivyo twigisha bigira ingaruka izihe ku bandi? (Lk 24:32)