Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 16-17

Wiyumvira ivyiyumviro vya nde?

Wiyumvira ivyiyumviro vya nde?

16:21-23

  • Naho tuzi neza ko ivyo Petero yavuze atabitumwe n’umutima mubi, Yezu yaciye akosora ivyiyumviro vyiwe bitari vyo

  • Yezu yari azi ko ico kitari igihe co ‘kwibabarira.’ Kwirekerana muri ico gihe kitoroshe ni vyo nyene Shetani yashaka ko akora

16:24

Yezu yarerekanye ibintu bitatu dutegerezwa gukora kugira tuyoborwe n’ivyiyumviro vy’Imana. None kimwekimwe cose kidusaba iki?

  • Niwiyanke

  • Wikorere igiti cawe co kubabarizwako

  • Ugume ukurikira Yezu