Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 18-19

Uragaba ku vyogutsitaza n’ivyotuma utsitaza abandi

Uragaba ku vyogutsitaza n’ivyotuma utsitaza abandi

Yezu yarakoresheje ibigereranyo kugira atwigishe ko gutsitara no gutsitaza abandi atari ikintu co gufata minenerwe.

18:6, 7

  • “Igitsitaza” ni igikorwa canke ikintu gituma umuntu afata ingendo itabereye, ata ubuntu canke agwa mu caha

  • Umuntu atsitaza uwundi yopfuma yambikwa urusyo mw’izosi agatabwa mu kiyaga

Insyo

18:8, 9

  • Yezu yahanuye abayoboke biwe guheba mbere n’ikintu c’agaciro nk’ikiganza canke ijisho igihe coba kibatsitaza

  • Vyoba vyiza uhevye ico kintu c’agaciro ukinjira mu Bwami bw’Imana hako ukigumana ugatahira muri Gehena, ni ukuvuga kurandurwa buhere

Mu buzima bwanje, ni igiki coshobora kumbera igitsitaza? Nokwirinda gute ivyontsitaza n’ivyotuma ntsitaza abandi?