Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 12-13

Ikigereranyo c’ingano n’icatsi kibi

Ikigereranyo c’ingano n’icatsi kibi

Yezu yarakoresheje ikigereranyo c’ingano n’icatsi kibi mu kwerekana ingene yocaguye mu bantu abagize umugwi w’ingano bose, ari bo bakirisu barobanuwe, n’igihe yobigiriye. Ico gikorwa yagitanguye mu 33.

13:24

“Umuntu yabivye imbuto nziza mw’itongo ryiwe”

  • Umubivyi: Yezu Kristu

  • Imbuto nziza zibibwa: Abigishwa ba Yezu barobanuzwa impwemu nyeranda

  • Itongo: Abantu

13:25

“Igihe abantu bari basinziriye, umwansi wiwe araza abiba icatsi kibi”

  • Umwansi: Shetani

  • Abantu bari basinziriye: Urupfu rw’intumwa

13:30

“Reka vyompi bikurane kugeza mw’iyimbura”

  • Ingano: Abakirisu barobanuwe

  • Icatsi kibi: Abiyita abakirisu

‘Banza mwegeranye icatsi kibi, muheze mugende mwegeranye ingano’

  • Abashumba/abashwabuzi: Abamarayika

  • Kwegeranya icatsi kibi: Abiyita abakirisu baratandukanywa n’abakirisu barobanuwe

  • Kwegeraniriza mu kigega: Abakirisu barobanuwe begeranirizwa mw’ishengero ryasubijwe umutamana

Igihe ikiringo c’iyimbura catangura, ni igiki catandukanya abakirisu b’ukuri n’abiyita abakirisu?

Gutahura iki kigereranyo bimfasha iki ku giti canje?