Mu Buswise: Umuntu ariko araratira ijisho ivyo Yehova yaremye

AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Ruhuhuma 2019

Ingene twotanguza ibiyago

Ibiyago bidufasha kumenya nimba Bibiliya yoba igihuje n’igihe tugezemwo.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Nugume umenyereza ijwi ryawe ryo mu mutima

Ijwi ryacu ryo mu mutima rizotuyobora neza nitwarimenyereza twisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Woba ubona kamere zitaboneka z’Imana?

Ivyaremwe bidukikije birahishura ubushobozi bw’Imana, urukundo rwayo, ubukerebutsi bwayo, ubutungane bwayo be n’ukuntu itanga cane.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Imana irashimagiza urukundo rwayo bwite kuri twebwe”

Twokwerekana gute ko dukenguruka iyo ngabire twahawe?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Woba ‘uvyiteganye umushasharo’?

Wokwerekana gute ko witeguriye “ihishurwa ry’abana b’Imana”?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nugume urindiranye umushasharo kandi wihanganye

Ni ibiki bizodufasha kurindira twihanganye mu ngorane izo ari zo zose zodushikira?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Ikigereranyo c’igiti c’umwelayo

Ibintu bitandukanye bigize igiti c’umwelayo c’ikigereranyo bisobanura iki?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Guhagarika inyigisho za Bibiliya zidatera imbere

Twokora iki mu gihe inyigisho ya Bibiliya itariko iratera imbere bimwe biboneka haciye igihe kitari gito twiga Bibiliya?