Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABAROMA 4-6

“Imana irashimagiza urukundo rwayo bwite kuri twebwe”

“Imana irashimagiza urukundo rwayo bwite kuri twebwe”

5:8, 18, 21

Incungu Yehova yatanze yaratoreye umuti ibibazo vy’inkoramutima, nk’ikijanye n’ukwemezwa kw’izina ryiwe be n’uburenganzira afise bwo kuba Segaba. Incungu iratuma kandi tugiranira ubucuti bwiza n’Imana muri iki gihe, ikaduha n’icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera.

Twokwerekana gute ko dukenguruka iyo ngabire twahawe?

  • Mu kwiyegurira Imana no mu kubatizwa: Ivyo vyerekana ko twizera incungu kandi ko twipfuza kuba aba Yehova

  • Mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana: Ivyo vyerekana ko twigana urukundo ntangere Yehova yagaragarije abantu.​—Mt 22:39; Yoh 3:16

Ni mu bundi buryo ubuhe nokwerekana ko nkengurukira Yehova kubera incungu?