Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Guhagarika inyigisho za Bibiliya zidatera imbere

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Guhagarika inyigisho za Bibiliya zidatera imbere

IGITUMA BIHAMBAYE: Kugira abantu bazorokoke, bategerezwa kwambaza izina rya Yehova. (Rm 10:13, 14) Naho abemera kwiga Bibiliya ari benshi, si bose bemera kubaho bisunga ingingo ngenderwako za Yehova. Turakoresha neza umwanya wacu mu ndimiro mu gufasha abakeneye kugira ivyo bahinduye kugira ngo bahimbare Yehova. Haciye igihe kitari gito twigisha umuntu mugabo ntatere imbere bimwe biboneka, ni vyiza ko duhagarika iyo nyigisho maze tukitunira ku gufasha abo Yehova ariko arakwegera kuri we no kw’ishirahamwe ryiwe. (Yoh 6:44) Ariko muri kazoza niyerekana ko ‘afise agatima kabereye kotuma aronka ubuzima budahera,’ tuzohimbarwa no gusubira kumwigisha Bibiliya.​—Ivk 13:48.

UKO TWOBIGIRA:

  • Numukeze kubona yipfuza kuronka ubumenyi butagira amakosa.​—1Tm 2:4

  • Nushimike ku kamaro ko gushira mu ngiro ivyo amaze kwiga.​—Lk 6:46-49

  • Ubigiranye umutima mwiza, nimuganire ku kigereranyo Yezu yatanze c’umubivyi, uce umusaba gusuzuma ivyoba bimubuza gutera imbere.​—Mt 13:18-23

  • Numusigurire ubigiranye ubugwaneza igituma uhagaritse inyigisho ya Bibiliya

  • Mubwire ko uzoza urahicisha kugira ngo umutere intege kandi ko niyipfuza gutera imbere muzosubira kwiga

NIMURABE IYO VIDEWO, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Muri ico kiyago, ni ibiki vyerekana ko uwo mutohoji atariko aratera imbere?

  • Uwo mwamamaji yamufashije gute gutahura ko akeneye kugira ivyo ahinduye?

  • Uwo mwamamaji yeretse gute uwo mutohoji ko niyabishima bazosubira kwiga?