UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Woba ubona kamere zitaboneka z’Imana?
Iyo wihweje ishurwe ry’amabara, inyenyeri mu kirere, canke isumo ry’amazi, woba uca ubibonamwo ukuboko kw’Umuremyi wacu? Mu vy’ukuri, ivyaremwe birahishura kamere zitaboneka za Yehova. (Rm 1:20) Igihe dufashe akanya tukazirikana ku vyo tubonesha amaso yacu, turashobora kubibonamwo ubushobozi bw’Imana, urukundo rwayo, ubukerebutsi bwayo, ubutungane bwayo be n’ukuntu itanga cane.—Zb 104:24.
Mu bintu Yehova yaremye ni ibihe ukunda kubona buri musi? Naho woba uba mu gisagara, urashobora kubona inyoni canke ibiti. Kwihweza twitonze ivyo Yehova yaremye, birashobora gutuma tutarengerwa n’amaganya, tutagumiza umutima ku ngorane dufise, bigatuma kandi turushiriza kwizigira ko Yehova ashoboye kutwitwararika ibihe vyose. (Mt 6:25-32) Nimba ufise abana, nubafashe kubona kamere zitangaje za Yehova. Nitwarushiriza guha agaciro ivyaremwe bidukikuje, bizotuma turushiriza kwiyegereza Umuremyi wacu.—Zb 8:3, 4.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO IBITANGAZA VY’IREMA BIRAHISHURA UBUNINAHAZWA BW’IMANA: UMUCO N’AMABARA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
-
Ni ibiki bituma tubona amabara?
-
Ni ibiki bituma ibara ry’ikintu rihindagurika bivanye n’aho ukirabiye?
-
Kubera iki tubona amabara atandukanye mu kirere?
-
Ni amabara ayahe atangaje umaze kubona mu vyaremwe biri mu micungararo y’iwanyu?
-
Kubera iki dukwiye gufata umwanya wo kwihweza twitonze ivyaremwe?