Ingene twotanguza ibiyago
UMUNARA W’INDERETSI
Ikibazo: Woba wibaza ko aya majambo azoteba akaranguka?
Icanditswe: Ivy 21:3, 4
Ivyo wovuga: Uyu Munara w’Inderetsi urasigura ingene Imana izoshitsa uyu muhango n’ingene ushobora kuvyungukirako.
UMUNARA W’INDERETSI (inyuma ku gipfukisho)
Ikibazo: Ehe raba iki kibazo. [Numwereke ikibazo ca mbere n’ivyo abantu bakunda kwishura, ku rupapuro rwa 16.] Uvyibazako iki?
Icanditswe: Zb 83:18
Ivyo wovuga: Iki kiganiro kiravuga n’ibindi Bibiliya yigisha ku bijanye n’izina ry’Imana.
IVYO BIBILIYA YIGISHA
Ikibazo: Hari abiyumvira yuko Imana ari yo itwara isi. Wari uzi ko ivyo bitandukanye n’ivyo Bibiliya ivuga?
Icanditswe: 1Yh 5:19
vyo wovuga: Iki gitabu kirasigura neza ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’ico kibazo hamwe n’ibindi.
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago