UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nugaragaze urukundo mu muryango
Urukundo ni nk’uburembo bufatanya abagize umuryango. Ata rukundo, abagize umuryango vyobagora kuguma bunze ubumwe no gusenyera ku mugozi umwe. None abagabo, abagore n’abavyeyi bashobora gute kugaragaza urukundo mu muryango?
Umugabo akunda umugore wiwe aritwararika ivyo akeneye, ivyiyumviro vyiwe be n’inyiyumvo ziwe. (Ef 5:28, 29) Araronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’umubiri no mu vy’impwemu, harimwo no kugira ugusenga kwo mu muryango kudahorereza. (1Tm 5:8) Umugore akunda umugabo wiwe aramuyobokera kandi akamugaragariza “icubahiro kigera kure.” (Ef 5:22, 33; 1Pt 3:1-6) Abubakanye bompi bategerezwa kugira umutima ukunze wo kubabarirana ata gahigihigi. (Ef 4:32) Abavyeyi bakunda abana babo barabitwararika umwe wese ukwiwe kandi bakabigisha gukunda Yehova. (Gus 6:6, 7; Ef 6:4) Abo bana babo bahura n’ingorane izihe kw’ishure? Bavyifatamwo gute bahuye n’akosho k’urunganwe? Igihe mu muryango harangwa urukundo, abawugize bose barumva batekaniwe.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUGARAGAZE URUKUNDO RUTANANIRWA MU MURYANGO, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Ni gute umugabo akunda umugore wiwe amwitwararika kandi akamuha agaciro?
-
Umugore akunda umugabo wiwe amugaragariza gute icubahiro kigera kure?
-
Abavyeyi bakunda abana babo bashimangira gute Ijambo ry’Imana muri bo?