Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Mwirukane ababa muri ico gihugu bose”

“Mwirukane ababa muri ico gihugu bose”

Yehova yategetse abasavyi biwe gukura mu Gihugu c’isezerano ikintu cose coshoboye gutuma bamuhemukira (Gh 33:52; w10 1/8 23)

Yehova yobahezagiye bihatiye kwigarurira ico gihugu (Gh 33:53)

Bishitse Abisirayeli ntibomore abansi babo, vyobakwegeye ingorane nyinshi (Gh 33:55, 56; w08 15/2 27 ing. 5-6; it-1 392 ing. 4)

Kugira duhimbare Yehova, dutegerezwa kwirinda ingeso zose zotuma duhumana mu nyifato no mu vy’impwemu. (Yak 1:21) Yehova araduha inkomezi zo kurwanya impengamiro y’igicumuro no kunanira akosho kabi k’ino si.