Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU

Uburorero butomora ivyiyumviro nyamukuru

Uburorero butomora ivyiyumviro nyamukuru

Igihe tugira amasubirayo canke tuyobora inyigisho za Bibiliya, turakenera gufasha abatwumviriza gutahura ivyiyumviro nyamukuru. Iyo ivyo vyiyumviro tubitangiye uburorero, turashobora kubakora ku mutima tukanatuma biborohera kwibuka ivyo bize.

Igihe witegurira isubirayo canke inyigisho ya Bibiliya, nuhitemwo ivyiyumviro nyamukuru wipfuza gutangira uburorero, aho kubutangira ibidahambaye. Nuce urondera uburorero bworoshe bwo mu buzima bwa misi yose. (Mt 5:14-16; Mr 2:21; Lk 14:7-11) Nuzirikane ingene ivy’uwo muyaga vyifashe be n’akazi akora. (Lk 5:2-11; Yoh 4:7-15) Niwabona ingene aryohewe kubera yatahuye iciyumviro kanaka, ntuzobura kunezerwa.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRONKERE UMUNEZERO WO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA​—NURYOHORE UBUHANGA BWAWE: UBURORERO BUTOMORA IVYIYUMVIRO NYAMUKURU, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Kubera iki umutohoji yoshobora gukenera ko tumufasha gutahura imirongo yo muri Bibiliya?

  • Ni gute Neeta yatangiye akarorero ukuri dusanga mu Baroma 5:12?

  • Uburorero bwiza burakora ku mutima

    Akarorero keza gashobora gufasha gute uwutwumviriza?

  • Igihe turi mu busuku, ni kubera iki dukwiye gukoresha amavidewo n’ibindi bikoresho bidufasha kwigisha ishirahamwe rituronsa?