UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Gutozwa indero birerekana ko Yehova adukunda
Gutoza indero umuntu ahanini vyerekeza ku kumuha ubuyobozi no kumwigisha, ariko kandi birajamwo kumukosora no kumuhana. Yehova aradutoza indero kugira tumusenge mu buryo yemera. (Rm 12:1; Heb 12:10, 11) Hari aho gutozwa indero bitubabaza, ariko tuvyemeye bidushikana ku bugororotsi no ku mihezagiro. (Img 10:7) None ni ibiki abatanga indero n’abayihabwa bakwiye kugumiza ku muzirikanyi?
Uwuyitanga. Abakurambere, abavyeyi be n’abandi barihatira gutanga indero babigiranye ubuntu n’urukundo nka Yehova. (Yr 46:28) N’igihe batanga indero ikomeye, bakwiye kwisunga ingene ibintu vyifashe kandi babitumwe n’urukundo.—Tt 1:13.
Uwuyihabwa. Uko indero iba imeze kwose ntidukwiye kuyanka, ahubwo twogerageza kuyishira mu ngiro tudatebaganye. (Img 3:11, 12) Kubera tudatunganye, twese turakeneye gutozwa indero, tukaba tuyironka mu buryo butandukanye. Turayitozwa biciye ku vyo dusomye muri Bibiliya canke ivyo twumvise mu makoraniro. Hari n’aho bamwe batozwa indero na komite ncarubanza. Iyo twisunze indero dutojwe, bidushikana ku buzima.—Img 10:17.
RABA IVIDEWO IVUGA NGO ‘UWO YEHOVA AKUNDA ARAMUTOZA INDERO,’ MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Mu ntango, ubuzima bwa Canon bwari bumeze gute kandi bwahindutse gute?
-
Ni gute Yehova yamutoje indero abigiranye urukundo?
-
Ni ivyigwa ibihe dukura ku vyamushikiye?