UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Nuhungire kuri Yehova
Muri Israyeli hari harategekanijwe ibisagara bitandatu vy’ubuhungiro umuntu yishe uwundi atabishaka yahungiramwo (Gh 35:15; w17.11 9 ing. 4)
Muri Israyeli, abagabo b’inararibonye ni bo baca imanza (Gh 35:24; w17.11 9 ing. 6)
Ibisagara vy’ubuhungiro vyatuma umuntu abaho atekanye kandi akingiwe (Gh 35:25; w17.11 11 ing. 13)
Nk’uko nyene umuntu yishe uwundi atabishaka hari ivyo yategerezwa guheba kugira akingirwe mu bisagara vy’ubuhungiro, turagira ivyo duhevye kugira twungukire ku mbabazi z’Imana n’ikigongwe cayo.