Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nufate ingingo ziranga ubukerebutsi ku vyerekeye inzoga

Nufate ingingo ziranga ubukerebutsi ku vyerekeye inzoga

Abakirisu bose bategerezwa kuba maso ku bijanye n’ibinyobwa biboreza. (Img 23:20, 29-35; 1Kr 6:9, 10) Nimba umukirisu ahisemwo kunywa inzoga, akwiye kwigerera. Ategerezwa kandi kwirinda kwizizirwa n’inzoga be no gutsitaza abandi. (1Kr 10:23, 24; 1Tm 5:23) Birumvikana ko ata n’umwe dukwiye guhatira kunywa inzoga, na canecane abakiri bato.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUZIRIKANE IMBERE YO KUNYWA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Kubera iki abakirisu bose bategerezwa kugamburuka amategeko ajanye no kunywa inzoga?​—Rm 13:1-4

  • Kubera iki tudakwiye kureka abandi ngo baduhatire kunywa inzoga?​—Rm 6:16

  • Twokwirinda gute ibintu biteye akaga biva ku kunywa inzoga?