UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nugume witeguye muri iki kiringo ca nyuma c’“imisi ya nyuma”
Kubera ko tubaye mu kiringo ca nyuma c’“imisi ya nyuma,” turitega ko ingorane zirushiriza kwongerekana. (2Tm 3:1; Mt 24:8) Igihe habaye icago c’icaduka, akenshi abasavyi ba Yehova bararonka ubuyobozi buza ku gihe kandi butuma batahasiga ubuzima. Kugira tuzorokoke muri ico gihe, vyoshobora kuvana n’ingene tugamburuka ubuyobozi budusaba kwitegura ubu mu vy’impwemu no mu vy’umubiri.—Lk 16:10.
-
Niwitegure mu vy’impwemu: Nutsimbataze utumenyero twiza two gusoma Bibiliya no kwiyigisha. Niwige uburyo butandukanye bwo kwamamaza. Niwirinde guta umutwe bishitse ukamara igihe utabonana n’abandi mw’ishengero. (Yes 30:15) Yehova na Yezu ntibazokwigera baguheba.—od 176 ing. 15-17
-
Niwitegure mu vy’umubiri: Uretse gutegura amasakoshi, urugo rwose rutegerezwa kuba rufise ku rugero rugereranye ibifungurwa, amazi, imiti n’ibindi bisa n’ivyo bokwikorako bibaye ngombwa ko bamara igihe kitari gito bari ahandi hantu.—Img 22:3; g17.5 4, 6
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO WOBA WITEGURIYE ICAGO C’ICADUKA? MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Twokwitegurira gute icago mu buryo bw’impwemu?
-
Kubera iki dukwiye . . .
-
kuguma duhanahana amakuru n’abakurambere?
-
gutegura isakoshi irimwo ivya nkenerwa?
-
kurimbura ubwoko bw’ivyago bishobora gushika be n’icokorwa kuri kimwekimwe cose?
-
-
Igihe abandi bashikiwe n’icago c’icaduka, dushobora kubafasha mu buryo butatu ubuhe?
NIWIBAZE UTI: ‘Ni ivyigwa ibihe bijanye no kwitegura nshobora kwigira ku kiza ca korona?’