Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU

Kwigisha ushwashwanutse

Kwigisha ushwashwanutse

Ubushwashwanutsi burandukira. Buratuma abatwumviriza badutega yompi. Burerekana kandi ko duha agaciro ubutumwa twamamaza. Naho twoba duturuka he canke dufise kamere zimeze gute, turashobora kugaragaza ubushwashwanutsi. (Rm 12:11) Uti gute?

Ubwa mbere, nuzirikane agaciro k’ubutumwa wamamaza. Ufise agateka ko ‘kumenyesha inkuru nziza!’ (Rm 10:15) Ubwa kabiri, nuzirikane ukuntu inkuru nziza ishobora gufasha abakwumviriza kubaho neza. Barakeneye vy’ukuri kwumviriza ivyo ubabwira. (Rm 10:13, 14) Ubwa nyuma, nuvugane igishika ukoresheje ibimenyetso bibereye vy’umubiri no mu maso.

RABA IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRONKERE UMUNEZERO WO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA​—NURYOHORE UBUHANGA BWAWE: KWIGISHA USHWASHWANUTSE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni igiki catumye Neeta atakaza ubushwashwanutsi ariko arayoborera inyigisho Jade?

  • Ni igiki cafashije Neeta gusubirana ubushwashwanutsi yahorana?

  • Ubushwashwanutsi burandukira

    Kubera iki dukwiye kwibanda kuri kamere nziza abatwumviriza bafise?

  • Igihe tugaragaza ubushwashwanutsi, bishobora gute kugira ico bifashije abo twigisha Bibiliya be n’abandi?