Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nugume ucungera ivyipfuzo vyawe

Nugume ucungera ivyipfuzo vyawe

Kubera ko tudatunganye, dutegerezwa kuguma turwana urugamba rwo gucungera ivyipfuzo vyacu. Tubiretse ngo bituganze, turashobora gutosekaza ubucuti dufitaniye na Yehova. Nk’akarorero, bamwe usanga bakunda ibifungurwa, ivyambarwa canke inzu zabo gusumba uko bakunda Imana. Abandi barahaza inambu yabo y’umubiri mu buryo bunyuranye n’ingingo ngenderwako z’Imana. (Rm 1:26, 27) Hari n’abandi batwarwa n’akosho k’urunganwe kubera bipfuza kwemerwa n’abandi.​—Kv 23:2.

Twoshobora gute kuguma ducungera ivyipfuzo vyacu? Dutegerezwa kwihatira kugumiza umuzirikanyi ku bintu bihimbara Imana. (Mt 4:4) Ariko kandi, turakwiye gusaba Yehova ngo adufashe gucungera ivyipfuzo vyacu. Uti kubera iki? Kubera azi icotubera ciza n’ingene twohaza ivyipfuzo bibereye dufise.​—Zb 145:16.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRINDE ITABI, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Kubera iki abantu bamwebamwe banywa itabi?

  • Kunywa itabi vyoguteza ingaruka izihe?

  • Kubera iki kunywa itabi canke shishe ari bibi?​—2Kr 7:1

  • Urashobora kunanira icipfuzo co kunywa itabi!

    Wokwiyamiriza gute itabi canke woriheba gute?