Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

“Urukundo . . . rwizigira vyose”

“Urukundo . . . rwizigira vyose”

Tubitumwe n’urukundo rutagira ubwikunzi, turizigira abavukanyi bacu. (1Kr 13:4, 7) Nk’akarorero, bishitse umuvukanyi agakora igicumuro hama agatozwa indero, turizigira ko azokwihatira kugorora ibintu. Turihanganira abagoyagoya mu kwizera, tukagerageza kubafasha. (Rm 15:1) Hagize uwuheba ishengero, tugumana icizigiro c’uko umusi uri izina azogaruka.​—Lk 15:17, 18.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO MWIBUKE KO URUKUNDO . . . RWIZIGIRA VYOSE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni gute Abuneri yahindutse?

  • Dawidi yakiriye gute ivyo Abuneri yasavye, ariko Yowabu yavyakiriye gute?

  • Kubera iki dukwiye kwizigira abavukanyi bacu?