Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nukoreshe igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera kugira ufashe abandi kwizera Yehova na Yezu

Nukoreshe igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera kugira ufashe abandi kwizera Yehova na Yezu

Kugira abo wigisha Bibiliya bahimbare Imana, bategerezwa kugira ukwizera gukomeye. (Heb 11:6) Turashobora kubakora ku mutima dukoresheje igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera. Ico gitabu dukoresha mu kwigisha kirimwo ivyanditswe nyamukuru, ivyiyumviro bitomoye, ibibazo ngirakamaro, amavidewo akora ku mutima n’amashusho meza. Dufashije abo twigisha Bibiliya gutsimbataza kamere za gikirisu no kuba abagenzi b’Imana, tuba twubakishije ibikoresho birinda umuriro.​—1Kr 3:12-15.

Abantu bamwebamwe birabagora kwumva ko boba abagenzi b’Imana kandi badashobora kuyibona. Turakeneye rero kubafasha kumenya Yehova no kumwizigira.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUFASHE ABANDI KWIZERA YEHOVA UKORESHEJE “URASHOBORA KWIBERAHO IBIHE BIDAHERA,” MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Twemezwa n’iki ko uwo mushiki wacu yari yiteguriye neza iyo nyigisho?

  • Yakoresheje gute utubazo dukeyi twiyongereye kugira atume uwo yigisha aserura uko yiyumva ku bivugwa muri Yesaya 41:10, 13?

  • Iyo videwo n’iyo mirongo yo muri Bibiliya vyagize ico bikoze gute kuri uwo mutohoji?

Abantu benshi usanga badatahura akamaro k’incungu canke ugasanga ntibabona ko ari ingabire Imana yabahaye ku giti cabo. (Gl 2:20) Ku bw’ivyo rero, turakwiye kubafasha kwizera incungu ya Yezu.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUFASHE ABANDI KWIZERA YEZU UKORESHEJE “URASHOBORA KWIBERAHO IBIHE BIDAHERA,” MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Twemezwa n’iki ko uwo muvukanyi yari yiteguriye neza iyo nyigisho?

  • Yakoresheje gute ibiri mu gice kivuga ngo “Rondera n’ibindi” kugira afashe umutohoji?

  • Kubera iki isengesho rihambaye ku mutohoji?