Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Wokwitegurira gute igihe c’imigumuko?

Wokwitegurira gute igihe c’imigumuko?

Imigumuko, ibitero vya ba gaterabwoba n’intambara bizokwiyongera uko iherezo ryegereza. (Ivy 6:4) None twokwitegurira gute ingorane zizodushikira?

  • Niwitegurire kuguma uri intahemuka: Nurondere ingingo ngenderwako n’inkuru zo muri Bibiliya zotuma urushiriza kwizigira Yehova n’ishirahamwe ryiwe kandi zikagufasha kuguma ata ho uhengamiye. (Img 12:5; jr 125-126 ing. 23-24) Iki ni co gihe co gukomeza ubugenzi dufitaniye n’abo mw’ishengero.​—1Pt 4:7, 8

  • Nutegekanye ivyo uzokenera: Nimba bizoshika ntibikunde ko uva mu nzu, nurabe ko uzoba ufise ivya nkenerwa bikwiye. Nutegekanye uko uzobigenza bibaye ngombwa ko uhunga. Nusuzume ibiri mw’isakoshi wategekanije kuzohungana maze ushiremwo ibikoresho vyo kwikingira n’amahera. Nutegure ukuntu uzohanahana amakuru n’abakurambere wongere wiyemeze ko bazi ukuntu bogutora.​—Yes 32:2; g17.5 3-7

Mu gihe c’imigumuko, nugumane urutonde rwawe rw’ivy’impwemu. (Fp 1:10) Niwirinde kuza urava mu kibanza urimwo kiretse uriko urahunga. (Mt 10:16) Nusabikanye n’abandi udufungurwa n’utundi tuntu twa nkenerwa.​—Rm 12:13.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO WOBA WITEGURIYE ICAGO? MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Yehova adufasha gute mu gihe c’icago?

  • Ni ibintu ngirakamaro ibihe twokora mu kwitegura?

  • Twofasha gute abandi batewe n’icago?