Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

“Urukundo . . . ntirwivyimvya”

“Urukundo . . . ntirwivyimvya”

Urukundo ruradufasha kugaragara ukwicisha bugufi. (1Kr 13:4) Igihe dukunda abavukanyi bacu, ntitubona ko tubaruta. Turabona ivyiza mu bandi kandi tugakoresha ubushobozi bwacu mu kubafasha. (Fp 2:3, 4) Uko turushiriza kugaragaza urwo rukundo, ni ko Yehova arushiriza kudukoresha kugira ashitse ivyo agomba.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO MWIBUKE KO URUKUNDO . . . RUTIVYIMVYA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni impano izihe Abusalomu yari afise?

  • Ni gute yazikoresheje nabi?

  • Twokwirinda gute kwivyimvya?​—Gl 5:26