Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Mu ndimiro nukoreshe ibintu biheruka kuba

Mu ndimiro nukoreshe ibintu biheruka kuba

Mu busuku bwiwe, Yezu yarakoresha ibintu vyaba biheruka kuba mu kwigisha ivyigwa bihambaye. (Lk 13:1-5) Na wewe urashobora gukoresha ibintu biheruka kuba mu gutuma abantu bashimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami. Uhejeje kuvuga ukuntu ibintu bisigaye bizimvye, ibiza n’isibe biheruka kuba, imigumuko, kwizizirwa n’ibiyayuramutwe canke ibindi nk’ivyo, nuce ubaza ikibazo gisaba kuzirikana. Woshobora kubaza uti: “Woba wibaza ko . . . bizoteba bigahera?” canke uti: “Wibaza ko ari igiki kizotorera umuti . . . ?” Nuce umusomera icanditswe kijanye n’ico ciyumviro. Ashimishijwe, nuce umwereka ividewo canke igitabu co mu Bikoresho bidufasha kwigisha. Uko twihatira gukora ku mutima abantu bo mu cibare cacu, ese “[twokora] vyose ku bw’inkuru nziza.”​—1Kr 9:22, 23.

Ni ivyiyumviro ibihe vyoshimisha abantu bo mu cibare cawe?