Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwikingire ubuhuni

Niwikingire ubuhuni

Shetani n’abo akoresha akenshi baravanga ibinyoma n’ukuri barondera gutuma ukwizera kwacu kugoyagoya. (2Kr 11:3) Nk’akarorero, Abashuri barakoresheje ukuri kudakwiye be n’ibinyoma vyeruye kugira bace intege abasavyi ba Yehova. (2Ng 32:10-15) Abahuni bakoresha mwene ubwo buryo nyene muri iki gihe. Dukwiye kuvyifatamwo gute ku bijanye n’inyigisho z’ubuhuni? Nuzibone nk’ubumara! Ntiwigere uzisoma, ugira ico uzivuzeko canke ngo uzibwire abandi. Ukimara kubona amakuru agenewe kuvyura inkeka ku vyerekeye Yehova n’ishirahamwe ryiwe, nuce uyirinda!​—Yud 3, 4.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO [NURWANE] INTAMBARA IKOMEYE YO KURWANIRA UKWIZERA”​—AGACE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Kubera iki dukwiye kuba maso nimba dukoresha ibibanza vyo kuri internet abantu bashirako amakuru aberekeye?

  • Twokurikiza gute impanuro iri mu Baroma 16:17?