Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nuronkere umunezero mu gutanguza ibiyago

Nuronkere umunezero mu gutanguza ibiyago

Gutanguza ibiyago akaryo kizanye ni bumwe mu buryo bushimishije kandi kirumara cane bwo gushinga intahe. Naho ari uko, hamwe twoshira umutima cane ku kuntu tuza kwinjiza iciyumviro co mu Vyanditswe, twoshobora guhagarika umutima twibaza ukuntu twotanguza ikiyago. Aho guhagarika umutima birenze ku vyo uza kuvuga mu gushinga intahe, niwibande ku kwerekana ko witwararitse abo muyaga. (Mt 22:39; Fp 2:4) Nimba mu kiyago uronse akaryo ko gushingira intahe ukuri, hariho ibikoresho vyinshi cane vyogufasha.

Ibikoresho bikurikira vyogufasha gute gushinga intahe igihe hari ikibazo kivyutse muri mu kiyago?

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO “ICUMA GIKARISHWA N’ICUMA”​—GUTANGUZA IBIYAGO, MUCE MWISHURA IKI KIBAZO:

Ni ibintu bitatu ibihe vyodufasha kuryohora ubuhanga bwacu bwo kuyaga n’abantu?