Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Yehova “ni se w’impfuvyi”

Yehova “ni se w’impfuvyi”

Buri mwaka, abakiri bato benshi barahitamwo kuba abagenzi ba Yehova. (Zb 110:3) Yehova aritwararika cane umwe wese muri mwebwe. Aratahura ingorane ucamwo kandi agusezeranira kugufasha kugira umukorere. Nimba urezwe n’umuvyeyi umwe, niwibuke ko Yehova acika “se w’impfuvyi.” (Zb 68:5) Biciye ku nyigisho Yehova akuronsa, urashobora kuroranirwa uko vyoba vyifashe kwose muhira.​—1Pt 5:10.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ABARORANIRWA MU KURWANIRA UKWIZERA​—ABAREZWE N’UMUVYEYI UMWE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Wigira iki ku karorero ka Tammy, Charles, na Jimmy?

  • Muri Zaburi 27:10 hasubiriza umutima mu nda gute abarezwe n’umuvyeyi umwe?