Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Niwizere Yehova Imana yawe”

“Niwizere Yehova Imana yawe”

Igihe Yehoshafati n’abantu ba Yuda baterwa ubwoba, bituye Yehova ngo abafashe (2Ng 20:12, 13; w14 15/12 23 ing. 8)

Yehova yarahumurije abantu biwe yongera arabaronsa ubuyobozi butomoye (2Ng 20:17)

Yehova yararokoye abantu biwe kubera ko bamwizigiye (2Ng 20:21, 22, 27; w21.11 16 ing. 7)

Igihe Gogi azotera abasavyi b’Imana mu gihe ca ya makuba akomeye, abizigira Yehova bakizigira n’abo ariko arakoresha ngo batuyobore ntibazotinya ikintu na kimwe.​—2Ng 20:20.