Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Woba witeguriye ingorane mu vy’ubutunzi?

Woba witeguriye ingorane mu vy’ubutunzi?

Ntibidutangaza igihe ibintu biba kw’isi bitumye ivy’ubutunzi bihungabana kw’isi yose. Kubera iki? Turi ku nsozero y’imisi ya nyuma kandi Bibiliya iratuburira ngo ntitwizigire “ubutunzi butari ubwo kwizigirwa.” (1Tm 6:17; 2Tm 3:1) Akarorero k’Umwami Yehoshafati kotwigisha iki ku bijanye no kwitegurira ingorane mu vy’ubutunzi?

Igihe Yehoshafati yari ahanganye n’iterabwoba ryava mu bihugu vy’abansi, yarizigiye Yehova. (2Ng 20:9-12) Yaranateguye ihanga imbere y’igihe mu kwubaka impome z’ibisagara no mu gushiraho ibirindiro. (2Ng 17:1, 2, 12, 13) Cokimwe na Yehoshafati, biraba vyiza twizigiye Yehova tukongera tukitegurira ibihe bigoye.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO WOBA WITEGURIYE ICAGO? MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni ibiki twokora ku giti cacu kugira twitegurire icago?

  • Twokwitegurira gute gufasha abandi?