Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

20-26 Rusama

ZABURI 40-41

20-26 Rusama

Ururirimbo rwa 102 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Kubera iki twofasha abandi?

(Imin. 10)

Gufasha abandi biradutera umunezero (Zb 41:1; w18.08 22 ing. 16-18)

Yehova arafasha abafasha abandi (Zb 41:2-4; w15 15/12 24 ing. 7)

Dufashije abandi biraninahaza Yehova (Zb 41:13; Img 14:31; w17.09 12 ing. 17)

NIWIBAZE UTI: «Hoba hari umuntu wo mw’ishengero akeneye ko ndamufasha gukoresha neza JW Library?»

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 40:5-10​—Isengesho rya Dawidi ritwigisha iki ku bijanye no gutahura no kwemera ikibanza Yehova afise co kuba Segaba? (it-1 1261)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) AKARYO KIZANYE. Nuyagishe umuntu asa n’uwuhimbawe. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 3)

5. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Nuyagishe umuntu asa n’uwutaryohewe. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 5)

6. Guhindura abantu abigishwa

(Imin. 5) lff icigwa ca 14 iciyumviro ca 6. Nuganire n’umutohoji agonanwa kugira uruhara mu makoraniro ku ciyumviro co mu kiganiro kivuga ngo «Nushemeze Yehova mw’ishengero» kiri muri «Rondera n’ibindi.» (th icigwa ca 19)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 138

7. Nukorere iciza abitereye mu myaka

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Yehova araha agaciro ibintu vyose abitereye mu myaka b’abizigirwa bakora mw’ishengero kandi na twebwe turabiha agaciro. (Heb 6:10) Baramaze imyaka bakora cane mu kwigisha, kumenyereza no kuremesha abo basangiye ukwemera. Nta gukeka ko woba wibuka ukuntu nawe bagufashije. None wokwerekana gute ko ukenguruka ibintu vyose bakoze mw’ishengero n’ubu bakiriko?

Nimurabe IVIDEWO ‘Dukorere iciza abavukanyi bacu.’ Nuce ubaza uti:

  • Ni ibiki Ji-Hoon yigiye ku muvukanyi Ho-jin Kang?

  • Kubera iki uha agaciro abitereye mu myaka bo mw’ishengero iwanyu?

  • Ni icigwa ikihe twokwigira ku kigereranyo c’Umusamariya w’imbabazi?

  • Wibaza ko ari kubera iki ari vyiza kubona Ji-Hoon yarashizemwo abandi mu gufasha umuvukanyi Ho-jin Kang?

Tuzirikanye twitonze ivyo abitereye mu myaka bo mw’ishengero iwacu bakeneye, turashobora kuronka uturyo twinshi two kubafasha. Ubonye uwuri n’ico akeneye, nurabe ico wokora kugira umufashe.​—Yak 2:15, 16.

Soma Abagalatiya 6:10. Nuce ubaza uti:

  • Ni mu buryo ubuhe ‘wokorera iciza’ abitereye mu myaka bo mw’ishengero iwanyu?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 8 n’isengesho