Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

27 Rusama–2 Ruheshi

ZABURI 42-44

27 Rusama–2 Ruheshi

Ururirimbo rwa 86 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Nushire mu ngiro ivyo Imana ikwigisha

(Imin. 10)

Niwifatanye n’abandi mu gusenga Yehova, nimba bishoboka ube uhari amaso mu yandi (Zb 42:4, 5; w06 1/6 9 ing. 4)

Nusenge imbere yo kwiyigisha Bibiliya (Zb 42:8; w12 15/1 15 ing. 2)

Nureke Bibiliya ikuyobore mu vyo ukora vyose (Zb 43:3)

Ivyo Imana itwigisha biradufasha kwihanganira ingorane no kubaho duhuza n’ukwiyegura kwacu.​—1Pt 5:10; w16.09 5 ing. 11-12.

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 44:19​—Imvugo ngo «aho imbwebwe ziba» ishobora kuba yerekeza ku ki? (it-1 417)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) INZU KU NZU. Numusabe mutangure kwiga Bibiliya. (lmd icigwa ca 5 iciyumviro ca 5)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 5) INZU KU NZU. Numutumire ku nsiguro ya bose ikurikira. Numwereke ividewo ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga. (lmd icigwa ca 7 iciyumviro ca 5)

6. Insiguro

(Imin. 3) lmd inyongera ya A iciyumviro ca 4​—Umutwe: Twese tuzoba dufise amagara meza. (th icigwa ca 2)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 21

7. Nufate ingingo nziza ku vyerekeye amashure n’akazi

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Yemwe rwaruka, mwoba muriko murategekanya ivyo muzokora nimwaheza amashure? Mushobora kuba mufise ku muzirikanyi akazi muzokora kazobaronsa akaryo ko gukora ubutsimvyi. Canke mushobora kuba muriko muriyumvira kwiga umwuga wotuma muronka sertifika canke urupapuro rw’umutsindo vyobafasha kuronka mwene ako kazi. Iki ni ikiringo gihimbaye cane mu buzima bwanyu. Ariko vyoshika mukumva mubuze ico mufata n’ico mureka kubera hari ibintu vyinshi mwohitamwo canke mukumva mwofata ingingo yohimbara abandi. Ni igiki cobafasha gufata ingingo nziza?

Soma Matayo 6:32, 33. Nuce ubaza uti:

  • Kubera iki ari vyiza ko umuntu aba afise mu bwenge imigambi yo mu vy’impwemu itomoye imbere y’uko afata ingingo zihambaye zerekeye akazi n’amashure?

  • Abavyeyi bofasha gute abana babo gushira mu ngiro ibivugwa muri Matayo 6:32, 33?​—Zb 78:4-7

Uraba maso mu gufata ingingo ntutwarwe n’icipfuzo co gutunga canke kuba rurangiranwa. (1Yh 2:15, 17) Wibuke ko kugira amahera menshi bishobora gutuma umuntu bimugora kwemera ubutumwa bw’Ubwami. (Lk 18:24-27) Umuntu yiruka inyuma y’ubutunzi ntibimworohera gukomeza ukwizera kwiwe no gushira umutima ku guhimbara Yehova.​—Mt 6:24; Mr 8:36.

Nimurabe IVIDEWO Uraba maso ntiwizigire ibintu bihera​—Ubutunzi. Nuce ubaza uti:

  •   Ibivugwa mu Migani 23:4, 5 vyogufasha gute gufata ingingo nziza?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 47 n’isengesho