Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

6-12 Rusama

ZABURI 36-37

6-12 Rusama

Ururirimbo rwa 87 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. «Ntushavure kubera abantu b’ababisha»

(Imin. 10)

Abantu b’ababisha baraduteza intuntu n’umubabaro (Zb 36:1-4; w17.04 10 ing. 4)

Kuguma dufitiye ishavu «abantu b’ababisha» na vyo nyene biratugirira nabi (Zb 37:1, 7, 8; w22.06 10 ing. 10)

Kwizigira ivyo Yehova yasezeranye biratuma tugira amahoro (Zb 37:10, 11; w03 1/12 13 ing. 20)

NIWIBAZE UTI: «Noba nshira umutima cane ku bintu vy’ububisha bivugwa mu bimenyeshamakuru?»

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 36:6​—Umwanditsi wa Zaburi ashobora kuba yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko ubugororotsi bwa Yehova bumeze nk’«imisozi mininiminini»? (it-2 341)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 5)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Nusabe kwigisha Bibiliya umuntu yigeze kuvyanka. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 4)

6. Insiguro

(Imin. 5) ijwbv 45​—Umutwe: Ibivugwa muri Zaburi 37:4 bisobanura iki? (th icigwa ca 13)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 33

7. Woba witeguriye «ibihe vy’amagorwa»?

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Abavukanyi bo hirya no hino kw’isi baratakaza ivyo batunze bakabura n’ababo bivuye ku biza n’isibe no ku vyago biterwa n’abantu. (Zb 9:9, 10) Ikibabaje ni uko «ibihe vy’amagorwa» bishobora kwaduka umwanya uwo ari wo wose. Rero twese turakeneye kuvyitegurira.

Uretse gutegura utuntu twa nkenerwa twokwikorako igihe hateye icago, a ni ibiki kandi vyodufasha kuvyifatamwo neza mu gihe c’icago?

  • Nutegure umuzirikanyi: Numenye ko ivyago bishobora kwaduka uce uzirikana ico wokora. Niwirinde gushira umutima cane ku bintu utunze. Ivyo bizogufasha gufata ingingo iranga ubukerebutsi, ushire imbere kurokora ubuzima bwawe n’ubw’abandi aho gushira imbere kurokora ivyo utunze. (It 19:16; Zb 36:9) Ivyo bizogufasha kandi kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza igihe vyashitse ugatakaza ivyo utunze.​—Zb 37:19

  • Nukomeze ubucuti ufitaniye na Yehova: Nurushirize kwizigira ko Yehova ashoboye kukwitwararika kandi ko avyipfuza. (Zb 37:18) Imbere y’uko icago caduka, nugume wiyibutsa ko Yehova azoyobora abasavyi biwe kandi akabashigikira, naho vyoba ngombwa ko ‘dukiza ubuzima bwacu’ gusa.​—Yr 45:5; Zb 37:23, 24

Igihe twemera tudakeka ko Yehova azoshitsa ivyo yadusezeraniye, tuba tumugize «igihome ki[du]kingira mu gihe c’ivyago.»​—Zb 37:39.

Nimurabe IVIDEWO Woba witeguriye icago? Nuce ubaza uti:

  • Yehova yodufasha gute mu gihe c’ivyago?

  • Ni ibiki twokora mu kwitegura?

  • Twofasha gute abatewe n’icago?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 57 n’isengesho