Ururirimbo 41
Senge Yehova mu buto bwanyu
1. Yemwe bahungu namwe bakobwa
Ku Mana mwebwe murikundirwa.
Yama vy’ukur’ibitwararika,
Natwe tubafitiy’igishika.
2. Mwame muter’itek’abavyeyi
Ntihab’amatati na makeyi.
Nimwashimwa n’Imana n’abantu
Muzonezerwa mu buto bwanyu!
3. Mu buto bwanyu mwibuk’Imana
Ib’ari yo mwama mugendana.
Yehova nimwamuyobokera
Ntibizobura kumunezera.
(Raba kandi Zab. 71:17; Int. 3:27; Ef. 6:1-3.)