Ururirimbo 82
Twigane ubwitonzi bwa Kristu
1. Naho Yezu yaj’avuye mw’ijuru,
Ntiyanohokera kuba mukuru.
Naho yakoreye Se mu buzima,
Yamye yiyoroheje mu mutima.
2. Mwes’abarushe namwe munaniwe,
Ingo muje munsi y’ingogo yiwe.
Aritonda, arabaruhurira.
Abatekerez’arabikundira.
3. Yez’ati: “Mwese mur’abavukana.”
Oya ntiturondere kurutana.
Abitonda ni bo Yehov’afasha.
Abasezeranira ya si nshasha.
(Raba kandi Mat. 5:5; 23:8; Imig. 3:34; Rom. 12:16.)