Ururirimbo 49
Yehova ni we buhungiro bwacu
1. Ya ni we Buhungiro,
Ni we twizigira.
Iwe har’ubwugamo;
Ni ho twigumira.
Nariry’afis’ububasha,
Ntazobura kudufasha.
Ni we gihome cacu
Ni we azodukingira.
2. Ibihumbi bazogwa
Iruhande yawe.
Niwab’intahemuka,
Ntuzogend’utawe.
Si ngombwa ng’ugir’ubwoba,
Nk’aho hari ico woba.
Uzob’uvyibonera,
K’uzob’ukingiwe na we.
3. Yehov’azokurinda
Ntugwe mu mitego.
Ntah’uzoyumbayumba,
Canke ngo wiceko.
Intambwe ntizogukanga.
Imvuvy’uzoyihonyanga.
Ya ni we Buhungiro.
Arind’abamugumyeko.
(Raba kandi Zab. 97:10; 121:3, 5; Yes. 52:12.)