Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noja kwa nde?

Noja kwa nde?

Voma:

  1. 1. Narumvirije Yezu

    Mu gihe kigoye.

    Yaranyoboye

    Kuko namwumviye.

    N’Umwungere mwiza,

    Anyerek’inzira.

    Kandi ntancisha

    Mu nzir’idashika.

    (INTEGUZA)

    Kuki nokwumviriza

    Abantu barwany’ukuri?

    Botuma nt’inzira

    Injana mu buzima.

    (ICITABIRIZO)

    Mukama, noja kwa nde,

    Yomba hafi ndi mu ngorane?

    Mukama, noja kwa nde?

    Ijwi ry’uw’ahandi

    Ryonjana mu vyago.

    Yezu gusa ni we nzumvira.

  2. 2. Ubu numva ntekanye

    Kuber’ankingiye,

    Mu bamukunda

    Dusangiy’ukuri.

    Ndabona kazoza

    Yehova atanga.

    Yezu n’Umukiza

    Aturokora.

    (INTEGUZA)

    Ubu sinzumviriza

    Abantu barwany’ukuri.

    Kuki not’inzira

    Injana mu buzima?

    (ICITABIRIZO)

    Mukama, noja kwa nde,

    Yomba hafi ndi mu ngorane?

    Mukama, noja kwa nde?

    Ijwi ry’uw’ahandi

    Ryonjana mu vyago.

    Yezu gusa ni we nzumvira.

    (ICITABIRIZO)

    Mukama, noja kwa nde,

    Yomba hafi ndi mu ngorane?

    Mukama, noja kwa nde?

    Ijwi ry’uw’ahandi

    Ryonjana mu vyago.

    Yezu gusa ni we nzumvira.

    Mukama, noja kwa nde?

    Oya, Sinzigera nt’inzira yawe.