Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Nzoshikanira Yehova ivy’agaciro mfise”

“Nzoshikanira Yehova ivy’agaciro mfise”

Voma:

  1. 1. Nta kintu na kimwe Yehov’akenye.

    Vyose ni we yabiremye.

    Nomuh’iki? N’iki nomukorera,

    Comunezerez’umutima?

    Ubu ndatahuye, imisi nkiriho

    Ng’ik’ico nzokora:

    (ICITABIRIZO)

    Yehova nzama nguha ivyiza kuruta.

    Nzobah’imisi yose ndakunezereza.

    Mu vyo mfise vyose,

    Nzoshikana birya vy’agaciro.

  2. 2. Waradukunze uduh’ubuzima,

    Bwuzuyemw’ivyiza ntangere.

    Gutyo nzokwama ndagutera iteka,

    N’ibintu vy’agaciro mfise.

    Ubu ndatahuye, imisi nkiriho

    Ng’ik’ico nzokora:

    (ICITABIRIZO)

    Yehova nzama nguha ivyiza kuruta.

    Nzobah’imisi yose ndakunezereza.

    Mu vyo mfise vyose,

    Nzoshikana birya vy’agaciro.